Uwari yanyuruje indege yashikanywe muri sentare

Abantu barenga 60 ni bo bari muri iyo ndege Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abantu barenga 60 ni bo bari muri iyo ndege

Seif a-Din Mustafa, yanyuruje indege yariko igana I Cairo igahindura inzira avuga ko yambaye ibintu vyo kwituritsa, bivugwa ko yoba afise ingorane zo mu mutwe.

Igipolisi ca Chypre kivuga ko Seif a-Din Mustafa, afise imyaka 50, aza kwagirizwa ivyaha vyinshi aho ashikira muri sentare.

Abagenzi biwe I Cairo, barabajijwe mu matohoza akibandanya kuvyo yakoze, mu kunyuruza indege ya EgyptAir MS 181.

Ikintu nk'ico kidasanzwe catumye ikibuga c'indege ca Larnaca kidakora amasaha atandatu, bivugwa ko cavuye ku ngorane uwo mugabo yari afitaniye n'uwahoze ari umugore wiwe ubu aba muri Chypre.

Abantu barenga 60 bari muri iyo ndege, harimwo abongereza bane, baratinze bararekurwa atawukomeretse.

Abakozi b'iyo ndege ubu basubiye I Cairo, aho basangiye umunezero n'imiryango yabo ku kibuga c'indege.