Intare yarashwe imaze gukomeretsa umuntu muri Kenya

Intare zirakunze gutoroka ishamba I Nairobi Uwufise ububasha kw’isanamu AP/Ben Curtis
Image caption Intare zirakunze gutoroka ishamba I Nairobi

Intare imwe yatorotse iyororero ry'ibikoko ry'I Nairobi muri Kenya, yarashwe nabajejwe gucungera amashamba inyuma yo gukomeretsa umuntu umwe.

Iyo ntare yari yinjiye mu mihana iri iruhande y'ikibanza co kudandarizamwo ca Isinya.

Umuvugizi w'ishirahamwe rifasha ibikoko vyo mw'ishamba, (KWS), Paul Gathitu, yabwiye iradiyo ya Capital FM ko abakozi baraba ibikoko vyabaye ngombwa kurasa ico gikoko kubera yari igeramiye umutekano w'abantu.

Yavuze ko abo bakozi bari batumwe mu ntumbero yo kuyifata, ariko basanga yakaze gose.

Ivyo vyashitse inyuma y'imisi mike gusa iyindi ntare itorotse iryo shamba nyene ikomerekeje umutama umwe w'imyaka 63 mu karere ka Cabanas, hafi y'ikibuga c'indege mpuzamakungu ca Jomo Kenyatta.

Mu kwezi guheze, izindi ntare zine zaratorotse ishamba zinjira mu mihana y'I Lang'ata.