Uwari mu ndege yifotoje ari kumwe n'uwabanyuruje.

Ben Innes

Umuntu yifashe ifoto ari kumwe n'uwanyuruje indege y'ishirahamwe a EgyptAir, yambaye umusipi urimwo ibintu vyo kwituritsa yavuze ko yashaka kuwuraba neza.

Iyo foto ya Ben Innes ariko aramwenyura iruhande y'uwamufashe ingwati mu ndege ya EgyptAir, yakwirakwijwe ku mbuga ngurukanabumenyi.

Innes aba I Aberdeen yabwiye kandi ikinyamakuru co kuw'Imana ca Sun, ko yashatse kwerekana akamwemwe mu gihe c'ingorane.

Yavuze ko iyo foto yafashwe n'umukozi umwe wo mu ndege yabaye "Nzinza gusumba".

Benshi mubari muri iyo ndege barekuwe iyo ndege ikigwa ku kibuga c'indege ca Larnaca ariko uwo yari yayinyuruje yarabujije abantu indwi imbere y'uko birangira mu mahoro.