Centrafrique: Abigeme barategetswe gushurashuzwa n'ibikoko?

Abasirikare bagiye kugarukana amahoro muri Centrafrique
Image caption Abasirikare bagiye kugarukana amahoro muri Centrafrique

Abategetsi ba Onu bavuga ko bariko baragira amatohoza ibivugwa "biteye ikibazo gikomeye" vyerekeye ibikorwa bibi bikorwa n'abasirikare ba Onu mu gihugu ca Centrafrique.

Mu mwaka uheze, havugwa ko abana 69 bafashwe ku nguvu, co kimwe n'ibindi vyaha vy'ubushurashuzi bwakoze n'abakozi 10 ba Onu.

Umugwi umwe uharanira agateka ka zina muntu uvuga ko yatanze icegeranyo gishasha muri Onu ko umusirikare umwe yategetse abakobwa bane gushurashura n'imbwa.

Onu ivuga ko iriko iragira amatohoza yo kumenya igitigiri ivyo bintu vyega.

Ivyegeranyo bishasha vyo gukorera amabi abakenyezi vyashizwe ahabona n'umugwi wa Code Blue, uhagarikiwe na Aids Free World.

Uwo mugwi uvuga ko ivyo vyakozwe hagati y'umwaka wa 2013 no muri iyi indwi.

Uvuga ko ivyo vyo gushurashuzwa n'ibikoko vyamenyekanye mu 2014, bivugwamwo umusirikare mukuru umwe wo mu gihugu c'Ubufaransa.

Abo bigeme, umwe aza yaramaze kwitaba Imana bivuye ku ngwara itamenyekanye, bahawe amahera 5,000 akoreshwa muri Centrafrique.