Jacques Bihozagara yapfiriye mu Burundi

Uwahoze ari umushikiranganji muri reta y'Urwanda, Jacques Bihozagara, yitavye Imana ari mw'ibohero mu Burundi, inyuma y'amezi ane ahagaritswe yagirizwa gusuma urusaku.

Urwanda rwavuze ko Jacques Bihozagara yari yafashwe bidakurikije amategeko.

Abari bapfungiwe hamwe mw'ibohero bavuga ko bari bamubonye ameze neza hanyuma ko yitavye Imana iminota mike avanywe muri iryo bohero ajanywe mu bitaro inyuma yo kwumva ko arwaye.

Onu yaragirije Urwanda ko ruriko ruragerageza gutembagaza reta ya prezida Pierre Nkurunziza w'Uburundi, ico gihugu kikaba caravyamiriye kure.