Abantu barakoreshwa ku nguvu muri Qatar

Abubatsi b'ibibuga vy'inkino z'igikombe c'isi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abubatsi b'ibibuga vy'inkino z'igikombe c'isi

Umugwi w'abaharanira agateka ka zina muntu Amnesty International ryagirije Qatar gukoresha akazi abantu ku nguvu ku kibuga kizokinirwako inkino zo kwugurura igikombe c'isi co mu 2022.

Amnesty International bavuga ko abakozi ku kibuga ca Khalifa bategekwa kuba ahantu habi ku nguvu, bakariha amahera menshi kugira baronswe akazi, mu gihe imwe mu mishahara yabo bayigumya bakanakwa ibitabo vyabo vy'inzira.

Banebaguye kandi ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi FIFA kuba barananiwe guhagarika izo nkino ziriko zirategurwa habanje guhonyangwa agateka ka zina muntu.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ikibuga kiriko kirubakwa

Qatar cavuze ko gitewe impungenge n'ivyo bivugwa, ko kigiye kugira amatohoza.

Reta yavuze ko uburenganzira bw'abakozi b'abimukira yitabwaho bikwiye , baranashimika kuvyerekeye guhindura amategeko agenga akazi muri ico gihugu.

Mu mwaka uheze, ico gihugu caremeye guhindura "KAFALA" yabuza abakozi b'abimukira guhindura akazi canke kugahagarika batarinze kubaza umukoresha.

Ariko Amnesty International yagabishije ko uko guhindura ayo mategeko ata co bizohindura, mbere ko bamwe mu bakozi ageramiwe "n'ibihe bigoye cane".