Ikiraro cabomotse gihitana abantu cumi mu Buhindi

Bishoboka ko abantu boba bashika 150 boba bakiri musi y'ico kiraro
Image caption Bishoboka ko abantu boba bashika 150 boba bakiri musi y'ico kiraro

Abantu bashika cumi bapfuye abandi benshi barakomereka inyuma y'aho ikiraro kimwe co hejuru cariko kirubakwa casenyuka mu gisagara kiri mu buseruko bw'Ubuhindi ca Kolkata.

Izindi nkuru zivuga ko abantu boba bababa 150 boba bari musi y'ibivunji vy'ico kiraro kiri mu karere karimwo uruja n'uruza rwinshi.

Imigambi yo kubaka mu gihugu c'Ubuhindi kenshi ikunze kugira ingorane y'umutekano aho usanga bikunda kubomoka.

Abahinga bavuga ko hari amakosa yo kugenzura uko iyo migambi ishirwa mu ngiro, no gukoresha ibikoresho bitameze neza.

Ibindi bisa n’ibi