Trump nta wundi mukandida azoshigikira

Abitoza mu mugambwe w'aba republicains Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abitoza mu mugambwe w'aba republicains

Abahanganye na Trump, Ted Cruz na John Kasich, banse kuvuga ko bazoshigikira uwuzoba yatsindiye kuja mu matora y'umukuru w'igihugu mu mugambwe wabo.

Abahiganwa bose mu mugambwe w'aba republicains bari bashize umukono ku nyandiko yo kuzoshigikirana mu kwezi kwa cumi na rimwe.

Ni ikindi kimenyetso c'ukwumvikana guke kuri hagati ya Trump na Cruz basanzwe bafitaniye amatati yamuka ku bapfasoni babo.Uwuza mu kibanza ca mbere mu bashaka kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu mu mugambwe w'aba republicains, Donald Trump yakuye inkoni ku gashitsi ko atazoshigikira umuntu n'umwe wo muri uwo mugambwe mu gihe atari we yotorerwa kuja mu matora yo mu kwezi kwa cumi na rimwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Cruz na Trump

Akanama gashigikiye Cruz yaracafye ifoto ya Melania, umugore wa Trump, ari gusa kuva mu 2000.

Mu kumwishura, Trump yarungitse ubutumwa bwa twitter buriko ifoto ya Cruz Heidi, asa nabi cane.

Trump yavuze ko afatwa nabi n'abakuru b'umugambwe w'aba republicains.