Urwanda rurasaba insiguro ku rupfu rwa Bihozagara

Jacques Bihozagara yigeze kuba umushikiranganji, aranaserukira Urwanda mu Bubiligi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Jacques Bihozagara yigeze kuba umushikiranganji, aranaserukira Urwanda mu Bubiligi

Reta y'Urwanda isaba Uburundi gutanga insiguro ku rupfu rw'uwahoze ari umushikiranganji muri ico gihugu, yitavye Imana amaze amezi ane apfungiwe mu Burundi yagirizwa gusuma urusaku.

Jacque Bihozagara , yigeze kuba umushikiranganji w'Urwanda, yitavye Imana itariki 30 ukwezi kwa gatatu, inyuma y'umwanya muto ashikanywe mw'ivuriro ryo mw'ibohero rya Mpimba.

Icatumye yitaba Imana ntikiramenyekana.

Umuyobozi ajejwe ibibazo vya Afrika mu bushikiranganji bw'imigenderanire y'Urwanda, Eugene Ngoga, avuga:"Jacques Bihozagara ni umwe mu banyarwanda benshi mu Burundi, bagiye barapfa mu buryo butumvikana muri aya mezi indwi aheze. Ubushikiranganji bw'imigenderanire bw'Urwanda, busaba insiguro zihagije ku bategetsi b'Uburundi, kucatumye Bihozagara yitaba Imana, n'insiguro k'ucatumye apfungwa kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri umwaka uheze".

Urwanda kandi rusaba Uburundi gufasha umuryyango wa nyakwigendera gutahukana ikiziga gushika muhira iwe.

Uwuserukira igihugu c'Urwanda mu Bubiligi, yari yanditse ko Jacques Bihizagara "yishwe".

Amakungu yagumye yagiriza Urwanda ko ruriko ruragerageza gukura ku butegetsi prezida w'Uburundi Pierre Nkurunziza, ariko Urwanda rwagumye ruvyamirira kure.