Akanama ka ONU kemeje irungikwa ry'abapolisi mu Burundi

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Ban Kim, mu rugendo aherukamwo mu Burundi Uwufise ububasha kw’isanamu ALBERT GONZALEZ FARRAN
Image caption Ingingo izoshikirizwa umunyamabanga mukuru wa ONU, Ban Ki Moon, atunganye umugambi w'irungikwa ry'abapolisi

Akanama kajejwe umutekano k'ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, kemeje ingingo yo kurungika abapolisi mu Burundi.

Iyo ngingo, yashikirijwe n'Ubufaransa, ihamagarira umunyamabanga mukuru wa ONU gutunganya umugambi w'irungikwa ry'abo bapolisi, akoranye na leta y'u Burundi.

Ariko umukuru w'igihugu c'u Burundi, Pierre Nkurunziza, yaravuze ko ata nteko zikenewe mu Burundi, yaba iza ONU canke iz'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika, riheruka guheba umugambi wo kurungika abasirikare.

Umwaka uraheze imvururu za politike zihatswe gusubiza ico gihugu mu ntambara yo hagati mu gihugu ifatiye ku moko, hakaba hamaze gusiga ubuzima abantu barenga amajana ane, abarenga ibihumi 250 nabo barahunga.