Umuduga wa Papa wagurishijwe menshi cane

Cardinal Timpthy Dolan, agenzura umuduga Papa Francis yakoresheje mu rugendo i New York Uwufise ububasha kw’isanamu Mary Altaffer
Image caption Umuduga Papa Francis yakoresheje ari mu rugendo i New York wagurishijwe amahera akuvye inshuro 12 agaciro kawo

Umuduga umwungere wa Ekleziya Gatolika, Papa Francis, yakoresheje ari mu rugendo muri Amerika, wagurishijwe amadolari ibihumbi amajana atatu.

Uwo muduga wirabura wo mu bwoko bwa Fiat, wakoreshejwe na Papa igihe yagendera New York, wagurishijwe amahera aruta inshuro cumi na zibiri agaciro kawo.

Uwaguze uwo muduga mw'icamunara ni umugwizatunga akize yitwa Miles Nadal, akaba atororokanya imiduga n'amapikipiki bigoye kuboneka.

Ayo mahera azokoreshwa mu gufasha amashure hamwe n'ibikorwa vy'ubugiraneza vy'ishengero Gatolika.