Amerika iracahimiriza leta y'u Burundi kuganira

Tom Malinowski, icegera c'umunyamabanga wa Amerika ajejwe igisata c'agateka ka zina muntu, demockrasi n'akazi
Image caption Amerika ivuga ko leta y'u Burundi itegerezwa kugira ibiganiro atawe bikumira

Umutegetsi wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko umwanya uriko uraherana leta y'u Brundi mu gotorera inyishu ibibazo igihugu kimazemwo hafi umwaka.

Tom Malinowski, icegera c'umunyamabanga wa Amerika ajejwe igisata c'agateka ka zina muntu, demockrasi n'akazi yabivuze ahejeje urugendo rw'iminsi ibiri mu Burundi.

Yavuze ko yabonanye n'abategetsi b'ico gihugu harimwo umushikiranganji w'imigenderanire, Alain Aime Nyamitwe, abonana kandi n'abaserukira amashirahamwe atandukanye.

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ku wa gatandatu mu gitondo, Malinowski yavuze ko yaje mu Burundi kubandanya igikorwa ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika n'amakungu, co kurondera ko haba ibiganiro atawe bikumira bihagarikiwe n'amakungu kugira ibibazo vy'u Burundi bitore inyishu.

Yavuze ati ''Leta y'u Burundi imaze kwemera ibintu vyinshi ariko igihambaye n'uko ibishira mu ngiro''.

Ingorane zadutse mu Burundi kuva mu kwezi kwa kane mu mwaka uheze, umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza afashe ingingo yo kwitoza ngo atware igihugu ubugira agatatu, ingingo yatumye haba imyiyerekano n'intureka zimaze guhitana abantu barenga 470 ku bwa ONU.

Image caption Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ku wa gatandatu mu gitondo, Malinowski yavuze ko yaje mu Burundi kubandanya igikorwa ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika n'amakungu

Maliwoski avuga ko leta y'u Burundi ivuga indimi zibiri aho ''ibwira amakungu ko ishigikiye ibiganiro ariko ikabwira igihushane abanyagihugu bayo''.

Aho Tom Malinowski yagarutse ku majambo ashikirizwa n'umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi aho ufata ''eklezia, abatavuga rumwe na leta, ibihugu vyo hanze nk'abansiā€¦.ayo majambo ntatuma haba ibiganiro''. Iyo ntumwa ya Amerika yavuze ko leta y'u Burudi itokwibaza ko iriko iratakaza umwanya w'amakungu, ''iriko iratakaza umwanya wayo bwite''.

Ati ''leta amafaranga ariko arayiherana, mu minsi iza ntawuzi aho izokura ayo guhemba abajejwe umutekano'' mu gihe ingingo y'ishirahamwe rya Bulaya yo guhagarika imfashanyo ku Burundi izoba iriko iragira ingaruka ku butunzi bw'igihugu.

Ku kibazo c'u Rwanda, biriko birahinduka

Ku kibazo c'u Rwanda leta y'u Burundi yagiriza guhunganya umutekano mu Burundi, uwo mutegetsi wo muri Amerika yavuze ko bamaze kuvugira ku mugagararo ko badashigikiye uburyo ubwaribwo bwose bwo gufasha abantu bahisemwo gukoresha ibigwanisho.

Malinowski avuga ko babibwiye leta y'u Rwanda kandi ko yibaza ko ibintu biriko birahinduka.

Tom Malinowski agize urugendo mu Burundi inyuma y'izindi nyinshi zimaze kugirwa n'intumwa idasanzwe ya Amerika mu bihugu vy'ibiyaga bini, Tom Perriello.

Ishirahamwe rya Africa y'ubuseruko, EAC, mu kwezi kwa kabiri ryagenye uwahoze ari umukuru w'igihugu ca Tanzania, Benjamin Mkapa, kwunganira umuhuza mu biganiro vy'Abarundi, umukuru wa Uganda Yoweri Museveni. Gushika ubu ntibiraba.