Hatowe ikinogo catawemwo abantu i Pamyra

Ibisigariro vy'umuji wa kera cane wa Palmyra muri Syria Uwufise ububasha kw’isanamu Uncredited
Image caption Ibisigarira vy'abantu mirongo ine nivyo vyatowe mu kinogo mu muji wa Palmyra watswe abarwanyi b'umugwi wiyita leta ya Islam

Abajejwe intwaro muri Syria bavuga ko batoye ikinogo capfubwemwo abantu ikivunga mu muji wa Palmyra uheruka kuva mu minwe y'umugwi w'abarwanyi wiyita leta ya Islam.

Igisirikare ca leta ya Syria canesheje abo barwanyi mu ndwi iheze, kibakura muri uwo muji bari bamazemwo ikiringo kirenga umwaka.

Amakuru ava mu gisirikare avuga ko ico kinogo carimwo ibisigarira vy'intwazangabo, abasirikare basanzwe hamwe n'abarwanyi bashigikiye leta, abagipfubwemo bose bakaba ngo bashika mirongo ine.

Impande y'abo basirikare hari ibiziga vy'abanyagihugu basanzwe bo mu miryango yabo harimwo n'abana batatu.

Abo bantu bishwe barashwe canke baciwe imitwe.

Mu bwicanyi bwakozwe n'abarwanyi b'umugwi wiyita leta ya Islam igihe bari barigaruriye Palmyra, harimwo iyicwa ry'abagabo mirongo ibiri na batanu, biciwe mu nyubakwa iberamwo ibikino, mu bihomoke vy'uwo muji wa kera cane.