Muri Kenya bibutse abantu biciwe i Garissa

Abari mu rugendo rwo kwibuka abishwe na Al Shabaab i Garissa muri Kenya Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Hirya no hino muri Kenya bibutse abagandaguwe na Al Shabaab haciye umwaka mu muji wa Garissa

Mu gihugu nka hose muri Kenya hiriwe imihango yo kwibuka umwaka uheze habaye ubwicanyi i Garissa bwahitanye abantu 148 bishwe n'abarwanyi b'umugwi wa ki Islam wo muri Somalia, Al Shabaab.

Amajana y'abantu i Garissa bagiye mw'ihiganwa ryo kwiruka mu kwibuka abahasize ubuzima hamwe n'amasengesho y'amadini atandukanye.

Umuvugizi wa leta ya Kenya yabariye BBC ko ikibazo gitewe na Al Shabaab kitarahera.

Ariko yavuze ko abajejwe intwaro ubu biteguye neza kugira babuze igitero banahangane n'abogerageza kukigaba.

Mu gitero co mu mwaka uheze i Garissa, abarwanyi ba Al Shabaab bitwaje inkoho barashe abanyeshure babasanze mu buraro bwabo, mu nyuma begeranya abandi benshi barabagandagura.