Ebola yasubiye kuvugwa mu gihugu ca Liberia

Ibikoresho vyo gukaraba muri Libera mu ntumbero yo kwirinda kwandura ebola Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption OMS ivuga ko yizera neza ko abanduye muri Liberia atawundi bazokwanduza

Abajejwe amagara muri Liberia bavuga ko habonetse umuntu agira kabiri yanduye ebola nyuma y'amezi bitangajwe ko yaheze muri ico gihugu.

Umuhungu w'umugore yahitanywe na ebola mu ntango z'ino ndwi, ariko aravugwa ebola mu kigo c'amagara kiri ku murwa mukuru Monrovia.

Abajejwe intwaro bariko baratohoza ukuntu uwo mugore hamwe n'abana biwe batatu bashitse muri Libera bavuye muri Guinea.

Liberia yarugaye imbibe igihe gito nyuma y'aho bimenyekaniye ko hari abanduye muri Guinea.

Ishirahamwe rijejwe amagar kw'isi, OMS, rivuga ko ryizera neza ko abo banduye atawundi bazokwanduza.