Komisiyo y'Uburayi iratangaza uburyo bushya mu gusaba ubuhungiro muri EU

Abana b'abahungu barakina mu modoka mu nkambi ku mupaka w'Ubugereki na Macedoniya hafi y'umurenge wa Idomeni, 05/04/2016 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Mu buryo busanzweho, Ibihugu bya EU bifite ububashya bwo kwirukana abimukira basaba ubuhungiro, mu bihugu by'uwo muryango binjiyemo bwa mbere.

Komisiyo y'Uburayi iratangaza andi mavugurura mu buryo ibihugu by'Ubumwe bw'Uburayi byiga ubusabe bw'ubuhunzi mu kibazo cy'abimukira.

Iyi ngingo, ku ruhande rumwe ni kimwe mu bisubiza uburyo bugoye ku Bugereki n'Ubutaliyani mu guhangana n'urujya rw'abimukira babarirwa mu bihumbi baturutse mu Burasirazuba bwo Hagati ndetse no muri Afurika.

Hagati aho ibindi bihugu byo byakiriye impunzi nke cyane.

Ku yindi ngingo itandukanye, abantu batuye mu Buholandi bari muri kamarampaka ku bijyanye n'ubucuruzi busesuye hagati y'umuryango w'ubumwe bw'ibihugu by'uburayi, EU, Ukraine.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Hafi y'abafungiye mu nkambi y'abimukira ya Moria ku kirwa cya Lesbos, bose basabye ubuhungiro

Barahabwa amahitamo yo gutora banga ayo masezerano cyangwa bayemera.

Abanyamakuru baravuga ko iyi kamarampaka idafite uruhare rukomeye ku buryo bw'amategeko iri kubonwa na benshi n'uburyo bwiza bwo kwigaragambiriza iyaguka rya EU n'inzira ifatamo ibyemezo, ibonwa nk'itarimo ubwisanzure.

Bamwe babibona nk'ikitegererezo kibanziriza kamarampaka iteganyijwe mu Bwongereza mu kwezi kwa Gatand