Prezida Bashir azova ku butegetsi mu 2020

Perezida Omar al Bashir Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Perezida Omar al Bashir

Umukuru w'igihugu ca Sudani, Omar al-Bashir, yabwiye BBC ko azova ku butegetsi mu mwaka wa 2020, ikiringo ciwe kirangiye.

Prezida Bashir, yabeshuje kandi ibivugwa ko abasirikare biwe boba baragandaguye abantu mu ntambara iherutse kwaduka mu bigwati bibamwo abirabure mu karere ka Darfur, mu burengero bw'ico gihugu.

Uwo mutegetsi ariko araronderwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha, yagirizwa ivyaha vyo mu ntambara n'ivyaha bikorerwa ikiremwa muntu.

Prezida Bashir ari ku butegetsi kuva mu 1989.

Aheruka gutahukana intsinzi mu matora yo mu kwezi kwa 4, umwaka uheze.

Yabwiye umumenyeshamakuru wa BBC Thomas Fessy ko akazi akora 'karuhisha', ko rero mu gihe ikiringo ciwe c'ubu ari ica nyuma.

"Mu mwaka wa 2020, hazoba hari umukuru w'igihugu mushasha, nanje nzoba ndi uwahoze ari umukuru w'igihugu," n'uko yavuze.

Ariko abatavuga rumwe na reta, bashobora kuvuga ko atari ubwa mbere avuga ko azova ku butegetsi ariko ntiyashira mu ngiro ivyo yavuze, nk'uko uwo mumenyeshamakuru wa BBC abivuga.

ONU ivuga ko abantu barenga imiliyoni 2.5 ari bo bataye izabo mu karere ka Darfur kuva mu 2003, abandi barenga ibihumbi 100 bakaba bataye izabo uyu mwaka gusa.

Prezida Bashir avuga ko ata kamaro ko haba abasirikare ba ONU baza kugarukana amahoro hamwe n'abatanga imfashanyo mu karere ka Darfur.

Yahakanye ko hoba harabaye ubundi bwicanyi mu misozi ya Jebel Marra, aho abasirikare biwe batanguye kugira ibitero kuva mu kwezi kwa mbere.