Uwundi mugwi w'abimukira wasubijwe muri Turkiya

Abagabo batatu baharanira agateka ka muntu bariko baragerageza kubuza kugenda ubwato busubije muri Turkiya abimukira b'Abanyepakistani Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abigaragamvya batatu bagerageje kubuza ubwato gusubiza inyuma abimukira b'Abanyepakistani

Umugwi ugira kabiri w'abimukira wasubijwe muri Turkiya, ku mwumvikano n'ishirahamwe rya Buraya ugamije kugabanya igitigiri c'abimukira binjira i Buraya.

Ubwato butwaye abanye Pakistani mirongo ine na batanu bwafashe urugendo buvuye mw'izinga rya Lesbos mu Bugiriki.

Abantu batatu bari mu myigaragamvyo, basimbiye mu mazi bagerageza kubuza ubwo bwato kugenda, ariko abajejwe gucungera inkengero z'ibahari baciye babakurayo.

Abajejwe intwaro mu Bugiriki bavuga ko muri abo bimukira bose basubijwe inyuma ata n'umwe yasavye ubuhungiro.

Umugwi wa mbere w'abantu bashika amajana abiri bagizwe ahanini n'Abanyepakistani, wasubijwe muri Turkiya kuwa mbere.

Abandi bimukira ibihumbi vyitezwe ko nabo bacishwa muri iyo nzira.