Icuma cakoreshwa mu kuvura kanseri muri Uganda capfuye

Icuma co mu gisata kivura kanseri mu bitaro vy'i Chelsea mu Bwongereza Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Icuma gikoreshwa mu kuvura kanseri, cari gisigaye muri Uganda, cononekaye ubutagikorwa

Icuma kimwe muri Uganda yose gikoresha imishwarara mu kuvura kanseri mu buhinga bita radiotherapie mu gifaransa, cononekaye ubutagikorwa.

Ico cuma kiri ku bitaro vya Mulago ku murwa mukuru Kampala, cari kimaze gukorwa inshuro nyinshi mu bihe bishize, ariko ubu hoho vyananiranye.

Igisata kivuga kanseri muri Uganda kironka abarwanyi ibihumbi mirongo ine na bine ku mwaka, bavuye muri ico gihugu nyene hamwe no mu bihugu bibanyi birimwo u Rwanda, u Burundi na Sudani y'epfo.

Hafi ya bitatu vya kane vy'abo barwayi baba bakeneye gucishwa muri ico cuma.

Ico gisata gishaka ko ubushikiranganji bujejwe amagara bugura ikindi cuma, ariko ntibiramenyekana igihe bizokorwa.