Papa yatanze umurongo ngenderwako

Umwungere wa Ekleziya Gatolika, Papa Francis Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Papa Francis yahaye uburengenzira abasenyeri bwo gusigura ivy'ishengero gatolika bakurikije imico yabo

Umwungere wa Ekleziya Gatolika, Papa Francis, yatanze umurongo mushasha ngenderwako kuba Gatolika mu bijanye n'urukundo, imibonano mpuzagitsina no kwubakana.

Urwo rwandiko ruzwi nka Apostolic Exhortation, mu congereza, ntaco ruhindura ku mategeko y'ishengero ariko ruha uburenganzira abasenyeri kw'isi yose bwo gusigura inyigisho ku buryo bubereye imico yabo.

Yasavye ko abafatwa nk'abatakurikije umurongo w'ishengero bodohorerwa.

Ibi ni igikorwa Papa yari amazemwo imyaka itatu, kikaba kirimwo ivyashitsweko n'urutonde rw'ibibazo yarungikiye imiryango kw'isi, hamwe n'ivyavuye mu biganiro bibiri bizwi nka Synods, vy'abajejwe ishengero Gatolika kw'isi.