Burundi: Intwazangabo Liyetona Koloneli Darius Ikurakure yafubanywe iteka.

Liyetona Koloneli Darius Ikurakure yashyinguwe mu cyubahiro
Image caption Liyetona Koloneli Darius Ikurakure yashyinguwe mu cyubahiro

Intwazangabo Liyetona Koloneli Darius Ikurakure yishwe arashwe mu kwezi gushize mu biro bikuru vy'intwaramiheto bamufubanye iteka ku wa Gatandatu. Yashinguwe hafi y'aho yarasiwe mu kigo c'ibiro bikuru vya gisirikare i Bujumbura.

Abaye intwazangabo ya kabiri ishinguwe muri ico kibanza.

Uwari ashinguwe gushika ubu yari liyetona kJenerali Firmin Sinzoyiheba yari umushikiranganji wo kwivuna abansi. Yahitanywe n'isanganya rya kajugujugu mu 1998.

Liyetona Koloneli Darius Ikurakure yari mu bakuru b'ikambi ya Muzinda mu ntara ya Bubanza mu bilometero nka 30 uvuye i Bujumbura.

Yari azwi cane mu duce tw'uburaruko bw'igisagara ca Bujumbuta mu bikorwa vyo kurwanya imigumuko y'abadashigikiye ikiringo ca gatatu c'umukuru w'igihugu, Pierre Nkurunziza.

Abatavuga rumwe n'ubutegetsi bamwagiriza guhohotera uwo wese yiketswe kudashigikira ikiringo bamwe akabatwara atawuzi iyo abajanye.

Mu bategetsi bakomakomeye bamuherekeje harimwo icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu, Gaston Sindimwo.

Umunsi Liyetona Koloneli Darius Ikurakure yicwa ku wa 22 ukwezi kwa Gatatu ku mugoroba haciye hicwa iyindi ntwazangabo.

Haheze iminsi ibiri hishwe kandi uwundi musirikare w'umuganga. Amatohoza ntaco aravuga ku babishe n'ico bahowe.

Ni co kimwe no kuri Liyetona Jenerali Adolphe Nshimirimana na Koloneli Jean Bikomagu yari mu karuhuko k'izabukuru biciwe mu gisagara ca Bujumbura izuba riva mu kwezi kw'Umunani muri 2015.