Muri Brezil baratora ku gukura icizere kuri perezida

Umurwi w'inama nshingamateka mu matora Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Amatora yabaye mu ruhagarara n'inyuma y'impari ziganjemwo amarangamutima

Ivyizigiro vya perezida wa Brezil Dilma Rousseff vyo gusimba imanga y'amatora yo kumukurako icizere, vyayoyotse, aho umurwi w'inama nshingamateka wahitamwo ko ico gikorwa kibwirizwa kubandanya.

Muri uwo murwi ugizwe n'abashingamateka 65, 38 muri bo bemeje ko ayo matora yo kumukurako icizere atunganywa abandi 27 barabihakana.

Perezida Dilma Rousseff azira kuba yarahishije ukuri ku mafaranga ari ku makonte ya leta, mu ntumbero yo guhisha ikimanga gikomeza kwaguka mu butunzi bw'igihugu

Ubu rero amaso yose ahanze ikizova mu matora y'abashingamateka bose yo mukurako icizere azoba ku magenekerezo ya 17 na 18 uku kwezi.

Ico kibazo cazanye kutumvikana mu banya Brezil, ndetse igipolisi kikaba citeguriye imyiyerekano mu murwa mukuru Brasilia.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abashigikiye perezida Rousseff batunganije imyiyerekano mu muji wa Rio de Janeiro

Amatora y'umurwi w'inama nshingamateka yabaye nk'urupimo canke nk'ikimenyetso cerekana uko aboba bagifitiye icizere umukuru w'igihugu bangana imbere y'amatora y' inama nshingamateka yose yimirije.

Ico gihe hazoba hekenewe amajwi 342 kugirango ico cifuzo co gukura icizere kuri perezida Rousseff gishikirizwe inama nkenguzamateka.

Ibiharuro vyo kugendereza vyasohotse vyerekana ko abagera ku 292 bashigikiye ko akurwako icizere, nayo 115 batavyifuza, hakaba n'abandi 106 batarerekana aho bahagaze.

Mw'ijoro ryakeye ibihumbi vy'abashigikiye perezida Rousseff batunganije imyiyerekano muri Rio de Janeiro.

Uwahoze ari umukuru w'ico gihugu Luiz Inacio Lula da Silva yavuze ko amatora y'uwo murwi w'inama nshingamateka 'ataco amaze'.

Hamwe ico cifuzo coshika mu nama nkenguzamateka, hoba hakenewe amajwi arenga gato ica kabiri gusa, kugirango perezida akurweko icizere.

Ivyo bibaye perezida Rousseff yoca aba arahagaritswe iminsi 180 mu gihe inama nkenguzamateka icihweza iyo ngingo yo kumukurako icizere.

Uwoheza akaba aramusubirira yoca aba icegera ciwe Michel Temer, ava mu batavuga rumwe n'ubutegetsi mu mugambwe PMDB, ariko nawe ashobora gukurwako icizere, n' ubwo bivurwa ko hari amajwi yiwe yasohotse, arimwo integuro y'ijambo yateganya gushikiriza, perezida amaze gukurwako icizere.

Ibiro vyiwe bimenyesha ko ayo majwi yatanzwe ku bafasha biwe mu buryo butateganijwe, ko habayemwo kwihenda.

Kugira umupfasoni Rousseff akurwe burundu, hoba hakenewe amajwi agera kuri 2/3 mu nama nkenguzamateka.

Hamwe vyoshika na bwana Temer agahagarikwa, uwuca aba arafata amabanga y'umukuru w'igihugu, n'umukuru w'inama nshingamateka, Eduardo Cunha.

Ariko rero nawe nyene hari ibirego bimuriko biturutse ku gushira ku makonte amafaranga atazwi inkomoko, n'ibindi birego bifitanye isano n'ubusuma buvugwa mw'ishirahamwe ry'ibitoro Petrobras.