Zika iteye impungenge kuruta uko Amerika yavyibaza

Iyi ni ifoto y'umubu wo mu bwoko bwa Aedes Aegypti uri ku mubiri w' umuntu muri laboratware ya 'International Training and Medical Research Training Center (CIDEIM) i Cali, muri Colombia. Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umugera wa Zika ushobora guterwa n'umubu

Abajejwe amagara y'abantu muri Amerika bemeza ko umugera wa Zika uteye ubwoba kurusha uko vyibazwa kandi ko ingaruka zawo zishobora kuba izikomeye.

Ibitigiri vy'abana bavukana ibimenyetso vy'umugera wa Zika ni vyinshi kandi umubu uwutera ushobora gutandukira mu mihingo myindhi ya Leta zunze Ubumwe za Amerika nk' uko bimenyeshwa na muganga Anne Schuchat ayoboye ikigo kijejwe gucungera no gukumira ikwiragizwa ry'ingwara.

Ikiza ca Zika catanguye kwigaragaza muri Brezil mu mwkaa uheze.

Bivugw ako umugera wa Zika ariwo nkomoko y'ubumuga bwo kugira agatwe gato n'ubwenge dudakura neza bivukanwa n'abana baharurw amu bihumbi bo mu bihugu vya Amerika.

Docteur Schuchat, avuga ko ivyo bamaze kumenya 'bidahumuriza'.

Mu ntango z'uyu mwaka perezida Obama yasavye inama nshingamateka guteganya miriyaridi 1,8 z'ama dorari yokoreshwa mu gutabara vyihuta.

Hagat'aho baracakoresha miliyoni 589 z'ama dorari yasigaye ku yakotreshejwe mu kiza ca Ebola

Muri kino gihe Amerika ikeneye ayandi mafaranga yo kurwanya imibu, gukora ubushakashatsi no gutegura incanco.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ikwiragira rya Zika mu buryo bwihuse ryatumye abafata ingendo hirya no hino kw'isi bagabishwa.

Hari ibimenyetso vyabonetse no kubakuze, vyerekan ako Zika ishobora kubatera ingaruka mu miyoboro y'imyakura, (neurones).

Mu kwezi kwa kabiri habonetse umuntu yanduriye Zika muri Leta zunze ubumwe za Amerika mu muji wa Dallas muri leta ya Texas, ayanduriye mu mibonano mpuzabitsina, aho vyagaragaye ko itaturutse ku mubu.