FMI iravuga ko ubutunzi buzokwikwega igihe kirekire

Christine Lagarde Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Ikigega mpuzamakungu FMI congeye kugabanya urugero rwitezwe ku kwiyongera kw'ubutunzi bw'isi, aho uyu mwaka rwashizwe kuri 3.2%.

Naho mu mwaka uza wa 2017, urwo rugero ngo rushobora kuja kuri 3.5%.

Atangaza icegeranyo gishasha, umuyobozi mu vyo ubutunzi muri ico kigega, Maurice Obstfeld, yavuze ko umurindi ubutunzi bwiyongerako 'ukomeza kugenda utesha abantu icizere'.

Kugabanya icizere c'urugero ubutunzi bw'isi bushhobora kwiyongerako, vyaturutse ku co bwana Obstfeld yise 'kudatera imbere mu bisata vyose vy'ubutunzi chirya no hino kw'isi'.

Avuga ko hari impungenge zo kuzohava babona ubutunzi bwinjiye mw'idindira.

Imbere y'ibiharuro vyatangajwe uno munsi, FMI categanya ko ubutunzi bw'isi bushobora kuduga kuri 3.4% uyu mwaka, nayo mu mwaka uza bukiyongera 3.6%.

Ubu bugize kabiri muri uyu mwaka, ikigega FMI kigabanya urugero rw'icizere ku kwiyongera kw'ubutunzi bw'isi.

Hari haheze nk'umwaka gusa, FMI ifise icizere ko ubutunzi bushobora kwiyongera kuri 3.8 % uyu mwaka.

Aho vyitezwe ko ubutunzi busubira inyuma kurusha ahandi ni muri Nigeria, kubera ikibazo c'igabanuka ry'ibiciro vy'ibitoro, ariko Brezil, Uburusiya n'ibindi bihugu vyinshi vyiteze ko ubutunzi busubira hanyuma kuruta uko biri ubu.

Mu Buhinde ho, ibintu vyagumye uko biri, naho mu Bushinwa ho ubutunzi bushobora kwiyongera ndetse, cane cane mu gisata c'ubuzi, ivyo bikazibira ikimanga batewe n'ubuhombe mu mahinguriro.

N'ubwo ubutunzi busa n'uburiko buratera intambwe ugereranije n'igihe c'idindira ryabwo, FMI ikomeje kugira impungenge ku muvuduko wabwo udashemeye.

Impungenge

Umuyobozi w'ikigega mpuzamakungu FMI Christine Lagarde, yari yavuze ko uko ubutunzi bw'isi bumeze ubu, ari nk'uko buri 'mu kindi gihe kibi'.

Icegeranyo gishasha ca FMI cahawe umutwe w'amajambo "Too slow for too long", kigabisha ko ibintu bishobora kuzamba, kuruta uko vyateganywa.

Zimwe mu mpungenge bafise n'uko hashobora kwongera kuba ibibazo vy'ihungabana ku masoko y'amafaranga nk'uko vyabaye mbere mu ntango z'umwaka..

Hari impungenge kandi ko kutiyongere kw' ubutunzi ku muvuduko usanzwe bishobora kuzotuma buteba kunaguka muri kazoza.

Ariko rero n'ukumenya ko ibihugu vyitezwe kubona ubutunzi bwavyo bugabanuka ari bike cane, nk'uko FMI ibimenyesha.

Hari Ubugereki, hamwe na Brezil gihanzwe n'ibibazo vya politike, aho ubutunzi bushobora kugabanuka 3.8% nk'uko vyagenze umwaka uheze.

Eka n'Uburusiya, bushobora kubona ubutunzi bwabwo bugabanuka, kubera ikibazo c'igabanuka ry'ibiciro vy'ibidandazwa harimwo ibitoro, vyongera ku bihano ico gihugu cafatiwe n'ibihugu vya Bulaya kubera ikibazo ca Ukraine.