RD Congo yemeye gukinira Cosafa Cup

RD Congo yatwaye igikombe ca CHAN 2016 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption RD Congo yatwaye igikombe ca CHAN 2016

Umurwi wa DR Congo watwaye igikombe ca Afrika c'imirwi yatsinze iwabo, wemeye kuja mu mahiganwa y'igikombe ca Cosafa Cup muri Namibia mu kwezi kwa gatandatu.

RD ya Congo izosubirira amazinga ya Comores, asivye muri ico gikombe ku ncuro ya kabiri.

Mu bisanzwe inkino z'ico gikombe zahora ziba mu kwezi kwa gatanu, ariko igihugu ca Namibia kizozakira uyu mwaka, casavye ko zija ku magenekerezo ya 11 kugera 25 z'ukwa gatandatu.

Ubu rero Congo ishobora gushiramwpo abakinyi bakinira hanze muri ayo mahiganwa, na buryo bitazogongana z'ico gikombe ca Afrika c'ibihugu.

Congo iharurwa mu mirwi yo hejuru muri 14, ikazoja mu magihanwa ageze muri 1/4.

Imirwi izohura izomenyekana kuwa mbere 25/04/2016 muri Windhoek, ari naho imirwi izomenya iyo bizokina n'uko itonze, bifatiye ku rutonde rwa FIFA rwo muri uku kwezi.

Ayo mahiganwa amaze imyaka yaragabuwe mu bice bibiri.

Mu ndwi ya mbere y'amajonjora, hari umurwi w'amahiganwa hagati y'amatsinda abiri y'imirwi ine. Ayo matsinda agizwe b'ibihugu munani biri inyuma, akimwe cose kikaronka inkino zitatu.

Ivyo navyo ni Angola, Lesotho, Madagascar, Malawi, Mauritius, amazinga ya Seychelles, Swaziland na Zimbabwe.

Abatsinze muri ayo matsinda abiri baca bahura n'imirwi itandatu iri imbere (RD Congo, Afrika y'epfo, Zambia, Botswana, Mozambique na Namibia) mu gice ca nyuma.

Ariko ibihugu biba vyaviriyemwo muri 1/4, biba bigifise n'imiburiburi urukino rumwe.

Zambia na Zimbabwe bimaze gutwara igikombe ca Cosafa Cup incuro zine kuva mu 1997.

Afrika y'epfo na Angola bifise kimwe cose ibikombe bitatu, nayo Namibia yagitwaye umbwa mbere mu mwaka uheze, itsinze Mozambique 2-0.

Muri BBC

Imihora ya Internet bijanye

BBC ntibazwa ibivuye mu mguga zitari izayo