Perezida Dilma Rousseff yavanye n'umugambwe PP

Abashingamateka bo mu migambwe itavuga rumwe na leta bafashe icapa kivuga ngo " N'abagasaga Muvema, isoko ryarakamye" mu myiyerekano yo kuwa 12/04/2016 yabera Brasilia Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abatavuga rumwe na leta batanguye isekeza ryo gusaba gukura icizere kuri Dilma Rousseff

Uwundi mugambwe wari kumwe na perezida Dilma Rousseff watangaje ko ukuyemwo akarenge mu gihe akirindiriye niba ingingo yo kumukurako icizere yemezwa.

Umugambwe Progressive Party (PP) wamenyesheje ko abenshi mu bashingakateka bawo 47 bazotora ko umupfasoni Rousseff akurwako icizere.

Mu kwezi guheze, umugambwe PMDB, ari nawo munini mu runani ruri muri leta, wahisemwo gukuramwo akarenge.

Umupfasoni Rousseff, arindiriye amatora y'inama nshingamateka ku munsi w'Imana ku kibazo co kumukurako icizere, avuga ko abo batavuga rumwe bariko bategura gusenyura inzego.

Bamwagiriza kuba yarabeshe ku bijanye n'amafaranga ari mu ma konte ya leta, mu ntumbero yo kunyegeza ikimanga kiri mu kigega ca leta gikomeza kwiyongera, imbere y'amatora ashigaje imyaka ibiri.

Ariko we arabihakana, abamushigikiye bakavuga ko ivyo bitanakwiye kugirango hafatwe ingingo yo kumukurako icizere.

PP ugira kane mu migambwe ikomeye mu nama nshingamateka igizwe n'intebe 513, ariko nta wuzi uko uku gutaramuka kwawo gushobora kugira ingaruka ku matora yo ku munsi w'Imana.

Hakenewe 2/3 mu nama nshingamateka n'ukuvuga amajwi 342 y'abemera ko perezida Rousseff akurwako icizere kugirango ico kibazo kirungikwe mu nama nkenguzamateka.

Igendereza riheruka, imbere y'uko PP itangaza ko yavanye na perezida Rousseff, ryerekana ko abashingamateka 300 bashigikiye ko akurwako icizere, 125 batabishaka, nayo 88 bataratora aho bahagaze.

Ku munsi wa kabiri, umupfasoni Rousseff yaseye n'uwuvuga ko icegera ciwe Michel Temer ari umwe mu bategura kumutembagaza.

Yavuze ko amajambo ya bwana Temer yakwiragijwe, yemerara kumusubirira ngo ari ikimenyetso kigaragara c'ubugambanyi, ariko rero ntiyamuvuze mw'izina.

Yavuze ko bamugambanira ku murango izuba riva, aho yashatse gutunga agatoke bwana Temer n'umukuru w'inama nshingamateka Eduardo Cunha.

Bwana Temer we yavuze ko ayo majambo yiwe yagiye ahagaragara bitari biteganijwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Perezida Rousseff arahakana ivyo aregwa

Bwana Temer yabwiye ikinyamakuru Estado de Sao Paulo, ko amaze amayinga hanze y'umurwa mukuru, kandi ko yabikoze kugira ntihagire uwuzomwagiriza ko hari ubugambanyi yoba ariko arakora mu kinyegero.

Ku munsi wa mbere, umurwi w'abashingamateka 65 watoye inyuma y'impari ndende, ku mwajwi 38 , icemezo co gutora ingingo yo gukura icizere kuri perezida Rousseff.

Abashingamateka bazotangura guharira kuri iyo ngingo ku munsi wa gatanu, amatora atangure ku munsi w'Imana, ivyayavuyemwo bigashobora kuboneka uwo munsi nyene.

Vyitezwe ko umutekano ukomezwa cane iruhande y'ingoro y'inama nshingamateka muri Brasilia.