Abagabo b'Abashinwa bankiwe kwandikwa nk'abubakanye

Abashaka kwubakana muri sentare Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abashigikiye aba gay bahaye amashi Sun Wenlin na Hu Mingliang bashitse muri sentare ya Furong

Umucamanza wo mu gihugu c'Ubushinwa yaciye urubanza avuga ko ababana babiri basangiye igitsina badashobora kwandikwa nk'abubakanye, mu rubanza nk'urwo rubonetse muri ico gihugu ubwa mbere.

Sun Wenlin na Hu Mingliang bitwariye abategetsi b'igisagara ca Changsha inyuma y'aho babankiye ko biyandikisha nk'abubakanye.

Mu kwezi kwa mbere, sentare yaremeye kwumviriza urwo rubanza, rubaye urwa mbere mu Bushinwa.

Ubushinwa ntibwemera abubakana basangiye ibitsina, ariko haratanguye kwongerekana imenyekana ry'abakobwa bakundana hagati yabo, abahungu hagati yabo, abakundana baba abahungu cane abakobwa hamawe n'abahindura ibitsina vyabo.

Ku musi wa gatatu, Sun w'imyaka 27 na Hu w'imyaka 37, barakomewe amashi igihe bariko barinjira muri sentare, n'ababashigikiye bari bakoraniye hanze.

Abategetsi bemereye abashika ijana gusa kwinjira muri sentare.

Sentare yanse urwo rubanza inyuma y'amasaha make gusa rutaguye kwumvirizwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu Associated Press
Image caption Abantu bashika 300 bari baje kubashigikira
Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Bwana Sun avuga ko igipolisi camugendeye kimusaba guheba urubanza

Uwuburanira Sun na Hu, Shi Funong, yavuze ko yari yiteze ko baza gutsindwa ariko bitanyarutse nk'uko.

Yavuze ko "abacamanza baciye kubiri n'amategeko agenga igihugu c'Ubushinwa".

Bwana Sun yavuze ko azokunguruza urubanza.

Abo bagabo bari bashatse gusezerana imbere y'amategeko mu kwezi kwa 6 umwaka uheze, batanga ikirego mu kwa 12.