Umuntu wa mbere muremure kw'isi yagiye mw'izinga rya Maurice

"Sultan Kosen afise uburebure bw'imetero 2.51")
Image caption Sultan Kosen afise uburebure bw'imetero 2.51

Umuntu wa mbere muremure kw'isi, wo mu gihugu ca Turkiya, Sultan Kosen, afise imetero 2.51 ari mw'izinga rya Maurice.

Sultan yashengerewe n'abantu bo muri iryo zinga riri mw'ibahari Indinano, nk'uko biri mu nkuru zashizwe ku rubuga ngurukanabumenyi rwa facebook rw'ikinyamakuru co muri ico gihugu.

Image caption Sultan yagiye mu gitabo ca Guinness World Record mu mwaka 2009

Sultan yavuzwe ubwa mbere ko ari we muremure kw'isi gusumba abandi mu mwaka wa 2009.

Igihe yandikwa mu gitabo c'abantu bafise ikintu cihariye kurusha abandi kw'isi ca Guinness World Records yavuze:"Sinari niteze kuzoja muri ico gitabo, naravyipfuza ariko natangaye cane."