Trump: Abarongoye aba Repubulikani ntibanshaka

Donald Trump Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Bwana Trump yavuze ko amabwiriza ya RNC amurwanya

Uwuhiganirwa kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu mu mugambwe w'aba Repubulikani, Donald Trump, yavuze ko abarongoye uwo mugambwe batipfuza ko ari we yoserukira uwo mugambwe muri ayo matora.

Ari mu gisagara ca New York, uwo mugwizatunga yavuze ko komite nkuru y'uwo mugambwe ku rwego rw'igihugu, iriko iriga ingene atotsinda.

Ivyo yabivuze inyuma y'aho uwo bahanganye Ted Cruz atwariye abaserukira abandi bose mu ntara ya Colorado n'aho amatora atari yabaye hose.

Ibi bishobora gutuma hazoba impari mu nama itegekanijwe mu kwezi kw'indwi, igihe bazoba bariko baremeza uwuzoserukira uwo mugambwe w'aba Repubulikani.

Mu nama nk'iyo, abaserukira abandi bazoba bafise uburenganzira bwo guhitamwo uwo bashaka, inyuma yo gutora mu cyiciro ca mbere.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ted Cruz yabonye abamutoye baserukiye umugambwe muri Colorado

Ibi bizugururira amarembo umukenguzamateka wa Texas, Ted Cruz canke John Kasich gutahukana intsinzi.

Ikinyamakuru Washington Post canditse ku munsi wa Gatatu ko Bwana Cruz ashobora gutahukana intsinzi, mu gihe botora incuro zibiri, kuko asa n'uwushaka kwiyegereza abaserukira abandi ngo bazomuhunde amajwi.

Ariko umukuru wa komite y'uwo mugambwe, Reince Priebus, yahakanye ivyo bivugwa na Trump, ko amategeko yahinduwe mu ntara ya Colorado kugira ntaronke intsinzi.

Priebus yanditse ku rubuga rwa Twitter ko uko amatora atunganijwe vyari bizwi haraheze umwaka.

"Ni ngombwa ko abitoza babibimenya. Baza kwidoga ubu? Mwihangane."

Igiye yabazwa mu gisagara ca New York nimba komite nkuru ishaka ko atahukana intsinzi. Trump, yavuze:"Oyaaa sindavyibaza, sindavyibaza na gato."

Trump yavuze ko abaserukira abandi bashaka kumushigikira baciye birukanwa na komite nkuru.

"Ntibanshaka kubera nkoresha amahera yanje. Kubera badashobora kunyifatira kuko nkorera akazi abanyagihugu," n'uko yavuze.