Burundi: Babiri baraye bishwe mu murwa mukuru i Bujumbura

Piere Nkurikiye
Image caption Umuvugizi w'igipolisi cy'Uburundi, Piere Nkurikiye

Mu Burundi ubwicanyi bwaraye buhitanye abantu nibura babiri ku murwa mukuru no mu micungararo yawo.

Muri abo harimwo uwari umukuru w'urwego rurongoye komini ya Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura.

Abaye uwundi mu barongozi b'inzego zo hasi bishwe muri iyi minsi. Abantu barenga amajana ane baramaze kwicwa mu Burundi mu kiringo c'umwaka uheze, muri aya mezi atatu ya mbere y'uwu mwaka barenga 46.

Abaraye bahitanywe n'ubwicanyi bw'ijoro ryakeye bompi bagandaguwe n'abantu bitwaje ibigwanisho babasanze mu ngo zabo inyuma y'isaha zitatu z'ijoro.

Umwe, Jean Baptiste Nsengiyumva, yaba kw'ibarabara rya kabiri zone Musaga mu bumanuko bw'igisagara ca Bujumbura. Igipolisi kivuga ko yishwe n'abantu bane bafise ibigwanisho.

Uwundi, Phocas Bakaza, yaba mu Kajaga muri komini Mutimbuzi ihana urubibe n'igisagara ca Bujumbura mu burengero. Ni nawe yari umukuru w'urwego rutwara iyo komini. Yari anafise ubunywero buzwi cane ku kiyaga Tanganyika "Black and White" aho nyene mu kajaga.

Nawe igipolisi kivuga ko yishwe n'abantu nibura babiri bari bafise inkoho bamusanze nawe nyene ku rugo rwiwe. Igipolisi kivuga ko hari abantu nibura babiri bamaze gufatwa ku mvo z'amatohoza.

Phocas Bakaza abaye uwundi mutegetsi wo mu nzego zo hasi ahitanywe n'ubwicanyi buboneka nk'ububa burondera umuntu kanaka. Ku ndwi iheze hari umujenama w'umutumba muri komini Mugamba yishwe, uwo akaba agira gatatu, abandi nkabo barishwe mu ntara za Makamba na Mwaro.

Abantu barenga amajana ane baramaze guhitanwa n'ubwicayi bufatiye ku bibazo vya politike bimaze hafi umwaka mu Burundi.

Muri aya mezi atatu aheze, abatakaje ubuzima barenga 46 nk'uko vyagaragaye mu cegeranyo c'ubushikiranganji bujejwe umutekano.