Korea ya ruguru yagerageje roketi yo mu bwoko bwa Musudan ariko ibimenyetso vyose vyerekana ko batabishitseko.

Koreya ya Ruguru yagerageje ibisasu bya misile mbere Uwufise ububasha kw’isanamu EPA/KCNA
Image caption Koreya ya Ruguru yamuritse ku mugaragaro ibisasu byayo bya Musudan birasa misile nk'uko bigaragara muri iyi foto yo muri 2010

Koreya ya Ruguru yagerageje gutera igisasu ca roketi mu nkengera y'ico gihugu mu buseruko, ariko ibimenyetso vyerekana ko iryo geragezwa ritagenze neza, nk'uko bimenyeshwa n'abategetsi ba Amerika n'aba Koreya y'Epfo.

Ntiharamenyekana ubwoko bwa roketi yakoreshejwe, ariko vyibazwa ko iryo geragezwa ryari irya roketi idashika kure cane izwi kw'izina rya "Musudan", ico gihugu kitari bwagerageze na rimwe.

Ivyo vyakozwe ku musi hibukwa umusi w'ivuka ry'uwatanguje ico gihugu ca Koreya ya Ruguru, Kim Il-Sung.

Vyabaye mu gihe hari ubwoba muri iryo zinga rya Koreya.

Ikinyamakuru ca reta ya Koreya y'Epfo, Yonhap, gisubiramwo inkuru ziva muri reta, cavuze ko iyo rocket yari iyo mu bwoko bwa Musudan, mu buhinga izwi kw'izina rya BM-25.

Mu misi iheze, abasirikare ba Koreya ya Ruguru barabonetse bariko baratwara ama roketi abiri yo muri ubwo bwoko.

Ico kinyamakuru kivuga ko mu gihe izo nkuru zokwemezwa, buzoba bubaye ubwa mbere Koreya ya Ruguru igerageza roketi yo muri ubwo bwoko bwa Musudan, kandi ko ico gihugu gishobora kuba gifise izindi nk'izo 50.

Izina rya Musudan riva ku kigwati kimwe co mu buraruko bushira ubuseruko bwa Koreya ya Ruguru ahubatswe ibikoresho vyo gutera roketi nk'izo.

Koreya ya Ruguru yarekure ibisasu vya roketi

Uwufise ububasha kw’isanamu KCNA

Izo roketi zishobora gushika ku birometero 3.000 zikaba rero zishobora gushikira ikambi ya gisirikare ya Amerika iri mw'izinga rya Guam mw'ibahari ya Pasifike (Pacifique).

Ariko ntizishobora gushika ku butaka bwa Amerika nyezina.

Amerika yavuze ko yari imaze imisi ikurikirana ivyerekeye igeragezwa ry'izo roketi, ariko ntiratanga izindi nkuru zirenze aho.

Koreya ya Ruguru, irongowe na perezida Kim Jong-Un, yagumye igabisha gutera Amerika na Koreya y'Epfo kuva aho ishiriweho ibihano n'amakungu, mu kugerageza incuro zine zose ibisase vy'ubumara.

Umusi hibukwa aho uwatanguje Koreya ya Ruguru yavukiye, sekuru wa Kim, n'umusi ukomeye cane kuri ico gihugu.

Mu myaka ine iheze, Koreya ya Ruguru yagerageje kwibuka uwo musi mu gutera misile zishasha ariko ntibabishikeko.