Ivyizigiro mu bice bimwe vya RD Congo

Amafi yo kugurisha

Intambara, ruswa ndetse n'ubukene vyarasinzikaje igihugu ca Repubulika iharanira Demokarasi ya Congo, kandi bamwe batanguye kwibaza ko perezida Kabila ashobora gusivya amatora yari ateganijwe uyu mwaka. Ariko ivyo ntibibuza abanyagihugu ba Mwandika muri Kivu y'amaj'epfo kugumana ivyizigiro.

Mwandika Trois, iri ku nkengera z'ikiyaga Tanganyika. N'akarere gatotahaye, kera imirima, bakaronka n'amafi yo mw'i Tanganyika, ku buryo atawokwicwa n'inzara.

Mu bisanzwe Congo yose ubwayo yategerezwa kuba ari igihugu ca mbere giteye imbere muri Afirika. Uretse ko hari isi imera, irimwo n'ubutunzi bukomeye bw'amabuye y'agaciro. Hari umujumbu, diamond, izahabu, uranium na coltan ikoreshwa muri za terefone ngendanwa. Ariko rero kumwe n'ubwo butunzi habarizwa n'abakene.

Abategetsi bakwirikiranye gutegeka Congo bavuzweko ruswa, no kutitaho abanyagihugu babo. Perezida Joseph Kabila, nawe bavuga ko akingiye akarwi k'abategetsi b'abakunzi b'inda, batitayeho guhuza, ndetse no kuyobora abanyagihugu.

Amafaranga ava mu mabuye y'agaciro yungukira abo hanze y'igihugu, ayandi akaja mu mifuko ya bake.

Muri poritike zo gutez'imbere abanyagihugu, haba mu magara y'abantu, gutez'imbere umwimbu, kuronsa abanyagihgu amazi meza, ubuvuzi, indero mu mashure -DR Congo iza inyuma ku rutonde rw'isi. Abanyagihugu ahenshi barimenya.

Umwe mu baba mu kirwati ca Mwandika trois, ni Bawili Amisi, mu 1998 umugabo wiwe yishwe n'umurwi witwaje ibirwanisho wateye ico kirwati. Yahunganye n'abana aja amuri Tanzania, aho yamaze imyaka 10 mw'ikambi y'impunzi.

Mu 2008, yabaye mu basubijwe mu gihugu ku nguvu n'ubwo atari bwashire impungenge ku mutekano wo mu gihugu iwabo, igihe Tanzania yari yugaye inkambi z'impunzi.

Ikirwati Bawili n'umuryango wiwe barungitswemwo cari gishasha -ishamba riri ngaho ryaherejwe abatahutse, nta mazi yariho, nta mashure, nta tuzu twa surwumwe kandi n'intwaro ntaco yabafasha.

Image caption Bawili n'umukobwa wiwe , Ebinda

Bawili avuga ko vyamugoye agishika atahutse, ariko yarashoboye kwiyubakira inzu, uretse ko vyamugoye kubaka akazu ka surwumwe kuko yari akitswe n'amagara, kandi atashobora kuronka impembo y'uwumwubakira kuko yari mukene.

Umukobwa iwe Ebinda we ntiyibuka uko bavuye muri Congo baja Tanzania, ariko aribuka igihe bagaruka afise imyaka 14, umunsi umwe ngo yariwe n'inzoka agiye kwitabara mw'ishamba.

Inyuma y'umwaka, Ebinda yafashwe ku nguvu n'umurwi w'abagabo avuye mw'ishamba nk'uko nyene, bamutwaza inda, ubu afise umwana w'imyaka 6.

Image caption Akazu ka surwumwe gasha ka Bawili

Mu myaka ya mbere gufasha vyasa no kwiyerekana, amavomo n'amashure usanga ariko ivyapa vyerekana abafashije kuyubaka.

Ariko ubu haje ubundi bwoko bw'infashanyo idashoka yigaragaza, ifatiye ku guha ubushobozi abanyagihugu, bushobora no kwimukanwa mu gihe baramutse bahavuye.

Bawili niwe atwara umurwi w'abajanama bajejwe amagara y'abantu muri ico kirwati, bigisha abantu ibijanye n'isuku, gufungura neza n'ibindi bintu bisanzwe bishobora gutuma ubuzima bwabo butaja mu kaga k'ingwara zandukira.

Bahura uko umunsi w'Imana uje, aho bavugana uko bariko barafasha abanyagihugu mu bijanye no kumenya kugira isuku n'ibindi bibafasha mu magara yabo.

Icizere bafise kiratangaje ugereranije n'ivyo baciyemwo. kandi n'imbere ntihasa neza, kuko benshi bibaza ko amatora ateganije uyu mwaka ashobora kutaba.

Hamwe rero perezida Kabila yosivya amatora, "bibaza ko hashobora kuba intambara", ishobora kwongera kugira ingaruka ku banyagihugu nk'uko vyabaye muri kahise.

Abanyagihugu ba Mwandiga Trois nta buryo bafise bwo kwirinda iyo ntambara, hamwe iramutse iteye, ariko bafise ivyizigiro, kuko bafise ubumenyi bwobafasha kumenya uko bitwara mu vyobashikira mu bihe biri imbere.