Papa avuye mu Bugereki atwaye abimukira 12

Abimukira baturuka muri Syria buriye indege ya Papa Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abimukira bajanye na Papa mu ndege asubira i Vatican

Papa Francis yagiye ajanye abanya Syria 12 inyuma yo kugendera abimukira bari mw'izinga rya Lesbos.

Imiryango itatu, irimwo abana batandatu, yose n'iyo aba isilamu, bakuwe mu zabo n'intambara muri Syria.

Itangazo ryavuye mu biro kwa Papa rimenyesha ko yashatse kwereka impunzi ko zisanga.

Abimukira baharurwa mu bihumbi ubu bagomye mw'izinga rya Lesbos, kuva mu kwezi guheze igihe c'umwumvikano hagati y'ibihugu vy'ubumwe bwa Bulaya na Turukira, wo kugabanya ibitigiri vyabo.

Abajanye na Papa bose bari basanzwe bari Lesbos imbere y'uko iyo ngingo yumvikanwako.

Muri iyo ngingo, abimukira bashitse mu Bugereki bava muri Turkiya kuva kuwa 20 z'ukwa gatatu badakurikije amategeko, bashobora gusubizwa inyuma, kiretse bemerewe ubuhungiro.

Kumwe n'ivyo, umunya Syria wese azoba asubijwe inyuma muri Turkiya, Ubumwe bwa Bulaya buzoca bufata umunya Syria yari asanzwe muri Turkiya, ahabwe ubuhungiro mu bihugu vya Bulaya.

Papa Francis yari yabwiye abo bimukira bo mw'ikambi ya Moria, barimwo abashobora kwrukanwa, ati "nti muri mwenyene".