AMISOM yarashe ku banyagihugu

Abasirikare ba AMISOM Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abasirikare ba AMISOM baregwa ko barashe abantu bane

Ingabo z'Ubumwe bwa Afrika ziri muri Somalia zishe abanyagihugu bane, bituma abantu baziyamiriza.

Mu bapfuye harimwo umutamakazi w'imyaka 80 n'umwuzukuru wiwe w'imyaka 9.

Bari mu rugendo baja kwa muganga ku murwa mukuru Mogadishiu.

Urwego rw'inteko z'Ubumwe bwa Afrika AMISOM rumenyesha ko abasirkare bagize ubwoba barasa imodokari yari yanse guhagarara bayihagaritse kuri bariyeri.

Ivyo vyabereye mu karere ka Bulla Marer, mu bumanuko bw'igihugu.