Dilma Rousseff ati 'ndi umwere'

Dilama Rousseff Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ejo niho bizomenyekana ko Perezida ukurwako icizere canke akomeza atwara.

Perezida wa Brezil Dilma Rousseff, yagiriza abashaka kumukurako icizere ko bashaka kwiba ubutegetsi.

Mu nyandiko yatangajwe mu kinyamakuru, perezida Dilma Rousseff yavuze ko abo batavuga rumwe "bashaka gucira urubanza umwere" mu ntumbero yo kwikurako icaha ca ruswa ubwabo.

Inama nshingamateka yasubiye mu mpari ku bijanye no kumenya nimba bashobora kumukurako icizere, ejo akaba ari ho bazotora.

Madame Rousseff yabwiye abanyagihugu gushwara amabarabara, kugirango bashigikire demokarasi mu mutekano.

Ibindi kuri iyi nkuru