Ubuyapani buracarondera abazibiwe na nyamugigima i Kyushu.

Abapolisi bariko bafasha kurondera mu gace ka Mashiki, intara ya Kumamoto Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abajejwe gutabara babonye agahengwe ku kirere ciza c'uyu munsi bakomeza kurondera abo bakiri bazima munsi y' ibihomoka

Ibikorwa vyo kurondera aboba bakiri bazima inyuma ya nyamugigima zibiri zaciye kw'izinga rya Kyushu vyakomejwe cane.

Abajejwe gutabara baboneyeho agahengwe ku kirere ciza, bakoresha indege mu gushikira abari mu bice vyononekaye cane.

Hari umwitwarariko nadi ku basizwe mu gahinga n'izo nyamugigima, bagera ku 250,000.

Abatari munsi ya 41 nibo bamaze kumenyekana ko bapfuye, muri izo nyamugigima zo kuwa kane no kuwa gatandatu, kandi hari impungenge ko n'abandi boba barapfiriye mu bihomoka bacugaraniyemwo.

Umunyamakuru wa BBC Robin Brant avuga ko hari impungenge ko n' iyindi nyamugigima ishobora kwaduka, igahohosha inyubakwa zihagaze kumangetengete.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Nyamugigima yo kuwa gatandatu yadutse hafi ya Kumamoto
Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ingo nyinshi ntizikigira amatara n'amazi
Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Nyamugigima zompi zarononye ibintu vyinshi

Abantu bakomeretse 2,000 bariko baravurwa, muri bo 200 barababaye cane.

Umushikiranganji wa mbere Shinzo Abe yavuze ko agiye kwongera igitigiri c'abajejwe gutabara kugera kuri 25,000, akaba yemeye no kwakira ubufasha bwa Leta zunze Ubumwe za Amerika bwo gutwara ibintu n'abajejwe gutabara hakoreshejwe indege.

Abanyamakuru bavuga ko amazu menshi yononekaye acika ubunywenywe, ahandi ugansanga ayabangabanganye agihagaze ashigikiranye nk'aho ataco yabaye.

Imiryango igera ku 422,000 nta mazi igira, nayo abashika 100,000 babuze umuyagankuba, nk'uko bimenyeshwa n'abaserukira leta.

Hamwe mu hononekaye cane ni muri Mashiki, aho abakunda kubakisha imbaho bobo amazu yabo atononekaye cane.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umuji wa Mashiki wononekaye cane

Umukuru w'ibanki nkuru y'Ubuyapoani ari mu nama ya G20 i Washington yavuze ko hakiri kare kumenya ubuhombe izo nyamugigima zateye mu butunzi, ariko ama banki muri Kumamoto yakora ukuri kwamye.

Kuwa gatandatu hateye nyamugigima ifise umurindi wa 7.3, ikwirikira iyo kuwa kane, yari ifise umurindi wa 6.4.

Zasambuye amabarabara, ibiraro, amazu , hakurikira n'imisozi yabomotse.