Abitwaje ibirwanisho bishe abantu 140 muri Ethiopia

Ikarata yerekana intara ya Gambella mu burengero bwa Ethiopia

Leta ya Ethiopia imenyesha ko abantu bitwaje ibirwanisho bishe abantu 140 , batwara abana 39.

Umushikiranganji wa Ethiopia ajejwe kumenyesha amakuru Getachew Reda, avuga ko abateye ari abo mu muryango w'aba Murle.

Yavuze ko abajejwe umutekano bakibakwirikirana, kandi ko bamaze kwicamwo abagera ku 60.

Ethiopia isanzwe icumbikiye banya Sudani y'epfo bahunze intambara mu 21013, hagati ya perezida Salva Kiir na Riek Mashar yari ichegera ciwe.

Bwana Reda yabwiye BBC ko badakeka ko hoba hari isano na rimwe hagati y'ababateye n'abarwanya ubutegetsi bwa Sudani y'epfo.

Intara ya Gambella, ahabereye ico gitero, hasnazwe khakunda kuba amatati hagati y'abadasangiye ubwoko kandi aba Nuer, ubwoko bwana Machar aturukamwo, nibo baharwiriye.

Abo mu bwoko bw'aba Murle bigeze kwagirizwa ko batera imiokwabu yo kwiba inka no gutwara abana bakaja kubarera nk'ababo.