Leicester City 2-2 West Ham United

Leonardo Ulloa Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Leonardo Ulloa yinjije ku munota wa 95, bituma Leicester inganya na West Ham

Leonardo Ulloa yakuye mu kaga Leiscester mu rukino rwayihuje uno munsi na West Ham.

Jamie Vardy yahaye umwitangirwa w'igitego Leicester ku munota wa 18 - ariko yahavuye ukurwa mu kibuga abaze kuronka ikarata ya kabiri y'umuhondo , azira kwitura hasi igihe yatsitara kuri Angelo Ogbonna mu ntango y'igice ca kabiri c'urukino.

Umusifuzi Jon Moss nawe ntiyabonywe neza na benshi, igihe yaha West Ham penariti mu minuta 6 ya nyuma..

Habaye gukururana ku mpande zompi, ariko aruhira guhana Wes Morgan kubera yakweze Winston Reid.

Igitego ca Ulloa co ku munota wa nyuma, gisa n' icakuye mu kaga Leicester yagiye inganya na West Ham, n'aho itazoba ifise Vardy mu ndwi iza mu rukino ruzoyihuza na Swansea.

Mu zindi nkino, Bournemouth yatsinzwe na Liverpool 1-2, Arsenal iracanganya na Crystal palace 1-1 ariko ntibabararangiza.