Abimukira 400 bo muri Somalia batwawe

Ubwato bw'abimukira Uwufise ububasha kw’isanamu Libyan coastguard
Image caption Ubwato bw'abimukira

Abimukira boba bashika 400, benshi bava mu gihugu ca Somalia, bashobora kuba batwawe mu kiyaga Mediterranee bariko baragerageza kuja I Buraya.

Inkuru ziva mu Misri zivuga ko abo bimukira bari bakoresheje amato ane.

Imiryango ya bamwe muri abo bimukira bavuze ko bamwe muri bo barokowe n'abasirikare barwanira mu mazi bo mu gihugu c'Ubugiliki, ubu bakaba bari mu Bugiliki.

Uwuserukira igihugu ca Somalia mu gihugu ca Misri, yemeje izo nkuru ariko ko bagihiga izindi nkuru zivuga uko vyagenze.