Korea ya ruguru ishaka kugerageza ibirwanisho vy’ubumara

Televiziyo yerekana igikorwa cyo kugerageza igisasu cyo mu bwoko bwa nucleaire. Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Mu kwezi kwa mbere Korea ya ruguru yagerageje ku nshuro ya kane igisasu cyo mu bwoko bwa nucleaire.

Korea ya ruguru ibimenyetso vy'uko Korea ya ruguru yitegurira kugerageza igwanisho vy'ubumara incuro ya gatanu, nk'uko bimenyeshwa na prezida Park Geun-hye.

Nta vyinshi yashikirije kuri ivyo bimenyetso, ariko yasavye igisirikare kwama kigavye, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru c'ico gihugu.

Hari inkuru zagiye ziravugwa mu binyamakuru vya Korea ya ruguru ko haboneka uruja n'uruza mu kibanza categuriwe kugerageza ibirwanisho vy'ubumara muri Korea ya ruguru ca Punggye-ri, ahari habereye igeragezwa rya mbere.

Mu gihe Korea ya ruguru yobandanya kugerageza ibirwanisho vy'ubumara, kozoba ari ukurenga ku bihano bikomeye yafatiwe n'amakungu mu kwezi guheze.

"Turi mu bihe bitoroshe, ntituzi ko Korea ya ruguru ishobora kudusomborotsa nk'inzira yo kwigwanako kubera ibihano bafatiwe n'amakungu, no kugira hagati mu gihugu baronke ababashigikira," ivyo umupfasoni Park yabibwiye abasirikare bakuru biwe. Nk'uko bimenyeshwa n'ikinyamakuru ca Yonhap.

Mu kwezi kwa mbere, Korea ya ruguru yaragerageje ubugira kane ibirwanisho vy'ubumara, mu nyuma itera missile mw'ibahari.

Ivyo vyatumye haba ubwobwa mu karere k'ayo mazinga.

Abaraba ibintu n'ibindi bavuga ko iryo geragezwa rishobora kuba imbere y'uko haba inama nkuru y'umugambwe uri ku butegetsi wa Worker's Party, mu gisagara ca Pyongyang mu kwezi kwa gatanu.

Abahinga bemeza ko Korea ya ruguru ata buhinga bafise bwo gushira ibirwansho vy'ubumara kuri missile, n'aho bamaze gutera intambwe ikomeye mu gukora ibirwanisho vy'ubumara muri iyi myaka iheze.