Riek Machar aracategerejwe i Juba

Riek Machar Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Riek Machar

Abantu babuze ico bafata n'ico bareka mu gisagara ca Juba muri Sudani y'epfo, mu gihe barindiriye ko umukuru w'abarwanyi bo muri ico gihugu, Riek Machar agaruka muri ico gisagara.

Vyitezwe ko asubira mu kibanza ciwe c'icegera c'umukuru w'igihugu muri reta nshasha y'ubumwe, ikaba ari intambwe ihambaye mu kurangiza intambara yari imaze imyaka ibiri mur ico gihugu.

Machar yategerezwa gushika muri ico gisagara ejo, ariko aca arahindura bivuye ku bryo bwo kwiyunguruza nk'uko vyamenyeshejwe n'umuvugizi wiwe.