Riek Machar yahagaritse gusubira i Juba

Riek Machar Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Mu gihe Riek Machar yotaha, vytitezwe ko aca aba icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu

Amakungu imitwe irashushe inyuma y'aho Riek Machar afatiye ingingo yo kudasubira i Juba incuro zibiri zikurikiranya mu misi ibiri nyene.

Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'imigenderanire muri Amerika, John Kirby, avuga ko Riek Machar yasivye n'impaka kandi ko uwo mukuru w'abarwanyi ashobora gutuma abanyagihugu ba Sudani y'epfo baja mu yandi matati.

Akanama kajejwe kugenzura ishirwa mu ngiro y'amasezerano y'amahoro muri Sudan y'epfo, na ko nyene kerekanye ko kababajwe na Machar, ariko kandi gasaba reta ya Sudan y'epfo kworosha kugira Riek Machar ashobore kugaruka.

Ku musi wa kabiri, abashigikiye Riek Machar bavuze ko igaruka ryiwe ryatebejwe n'uko reta yanse kumwemerera kuca mu kirere ca Sudani y'epfo.

Ariko reka ivuga ko Riek Machar yashaka kuzanana n'igitigiri kinini c'abasirikare hamye n'ibigwanisho bikomakomeye.

Umuvugizi wa Riek Machar, Mabior Garang, yavuze ko reta idakora ivyo yemeye, kandi ko uwo mukuru w'abarwanyi ashobora gushika i Juba uyu musi hatabaye izindi nzitizi.

Itahuka rya Riek Machar ni intambwe ikomeye mw'ishirwa mu bikorwa ry'amasezerano y'amahoro yashizweko umukono mu kwezi kw'umunani umwaka uheze.

Mu gihe rero yotaha, vytitezwe ko aca arahirira amabanga yo kuba icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu, hanyuma ace akora akazi ko gushinga reta y'ubumwe bari kumwe na prezida Salva Kiir.

Riek Machar yavuye mu gihugu ca Sudan y'epfo mu 2013 intambara yatumye abantu ibihumbi n'ibihumbi babura ubuzima n'abandi barenga imiliyoni zibiri bata izabo, igitangura.