Sepp Blatter yagerageje guha ikibanza Pierre Nkurunziza muri Fifa kugira hebe kwitoza
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Blatter yagerageje guha ikibanza Nkurunziza muri Fifa

Uwujejwe kumenyesha amakuru mu biryo vy'umukuru w'u Burundi, Willy Nyamitwe, aremeza ko uwahoze ari umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi, FIFA, Sepp Blatter, yagerageje guha ikibanza Pierre Nkurunziza muri Fifa kugira ahebe kwitoza mu matora yo mu mwaka uheze.

Bwana Blatter, yagirijwe igiturire muri FIFA, ibi yabitangaje mu gitabo aheruka gusohora nyuma yo gukurwa mu mabanga yo kurongo iryo shirahamwe.