Obama asaba Ubwongereza kuguma muri EU

Perezida Obama arifuza ko Ubwongereza butava muri EU Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Perezida Obama arifuza ko Ubwongereza butava muri EU

Prezida Barack Obama yavuze ko ashigikiye ko Ubwongereza buguma mw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya kugira bushobore gufasha mu ntambara yo kurwanya iterabwoba n'ibibazo vy'abimukira hamwe n'ingorane z'ubutunzi.

Prezida Obama yavuze ivyo igihe yatangura urugendo rwiwe muri ico gihugu c'Ubwongereza.

Prezida Obama yasubiwemwo n'ikinyamakuru co mu Bwongereza, Telegraph, avuga ko kuba Ubwongereza buri mw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya ari ngirakamaro cane, ko kandi mu gihe bworivamwo, bizogabanya inguvu mu ntambara yo kurwanya iterabwoba kw'isi, ku kibazo c'abimukira hamwe n'ubutunzi.

Obama yavuze ko yipfuza ko ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya ryobandanya uko ryari risanzwe rimeze, Ubwongereza ntiburivemwo, n'aho nyene abategetsi bakuru bakuru b'ico gihugu atariko babibona kuko babandanya guhamagarira abantu kuva muri iryo shirahamwe.

Na yo umukuru w'igisagara ca Londres, Boris Johnson yavuze ko Amerika itari gushobora gutanga ubumenyi bwa demokasi nk'uko Ubwongereza bwabigize mw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya.

Uyu musi, vyitezwe ko Obama abonana n'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, David Cameron, hanyuma aje gusangira isaha 6 n'umwamikazi Elizabeth w'Ubwongereza, inyuma y'umusi umwe gusa uwo mwamikazi akwije imyaka 90.

Ibindi bisa n’ibi