Umunkuru w'inyeshyamba muri Sudani yepfo ntagitahutse kuri uyu wa gatandatu

Riek Machar Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Riek Machar amaze iminsi asubika itahuka rye

Sudani yepfo iravuga ko umukuru w'inyeshyamba Riek Machar atari bugaruke mu murwa mukuru Juba, kuri uyu wa gatandatu, nkuko byari biteganijwe.

Ministri w'itangazamakuru yavuze ko leta ya Sudani yepfo ishobora gusa kwemerera indege imuzanye kugwa ari uko abagenzuzi bamaze kubara intwaro abari kumwe nawe bazanye.

Umunyamakuru wa BBC uri i Juba aravuga ko indege igomba kujyana Riek Machar i Juba idafite uburenganzirwa bwo kuhagwa kugeza kuwa mbere.

Mbere yaho Riek Machar - uri muri Ethiopia - yari yabwiye BBC ko yiteguraga uyu munsi gufata indege ataha nyuma y'imyaka ibiri ishize mu gihugu havugwa intambara.

Kuwa gatanu, umunyamabanga mukuru wa ONU, Ban Ki-moon, yamusabye gutahuka mu gihugu bidatinze.

Ategerejwe gusubira i Juba maze akaba visi perezida nkuko biteganywa n'amasezerano yo guhagarika intambara imaze imyaka ibiri.