PKK yiteguriye urugamba muri Turkiya

Abarwanyi ba PKK mu mwaka w'2007 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption PKK ivuga ko yiteguyriye gukomeza urugamba hose muri Turkiya

Umugaba w'umugwi w'abarwanyi bo muri Turkiya, PKK, yabariye BBC ko biteguriye gukomeza urugamba mu gihugu cose.

Aho yavugira mu misozi yinyegejemwo hakurya y'urubibe muri Irake, Cemil Bayik yagirije umukuru w'ihugu ca Turkiya, Recep Tayyip Erdogan, kuba afise politike igamije guhonya Abakurde.

Bwana Erdogan avuga ko PKK ari umugwi w'iterabwoba, akawusaba gushira ibirwanisho hasi canke ukazimanganywa.

Abantu barenga igihumbi baramaze kwicwa, abarenga ibihumbi amajana ane bateshwa izabo mu mirwano hagati ya PKK n'abasirikare ba leta ya Turkiya, kuva aho amasezerano y'amahoro apfiriye mu mwaka uheze.