Clinton na Trump baragwanira intara zo mu buseruko

Abaharanira kuba umukuru w'igihugu muri Amerika, Donald Trump na Hilary Clinton Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Donald Trump na Hilary Clinton baracari imbere mu migambwe yabo

Abanyagihugu bo mu ntara zitanu zo mu buraruko bushira ubuseruko barahitamwo mu migambwe y'Abademocrates n'Abarepublicains aboja mu matora y'umukuru w'igihugu y'imirije muri Amerika.

Izo ntara ni Connecticut, Delaware, Maryland, Pennsyvania na Rhode Island.

Ibiva muri ayo matora bishobora gutuma Hillary Clinton w'umugambwe w'Abademocrates na Donald Trump w'umugambwe w'Abarepublicains benurira abo bahanganye muri ayo matora.

Umupfasoni Clinton na Trump bari imbere y'abo bahanganye bimwe biboneka mu ntara zose uko ari zitanu nk'uko vyagaragaye mu misi iheze.

Abahanganye na Trump basa n'abiteze gutsindwa kuburyo ataco biteze muri izo ntara.

Ted Cruz na John Kasich ahubwo bariko bararondera ababashigikira mu ntara za Indiana, Oregon na New Mexico.

Trump yanebaguye uwo mugambi wabo, avuga ko ari ikimenyetso cerekana ko ata nguvu bafise kandi ko bataye umutwe.

Intsinzi i New York

Mu ndwi iheze, Clinton na Trump bararonse intsinzi ihambaye mu ntara ikomeye cane ya New York.

Abaraba ibintu n'ibindi bavuga ko bishoboka ko umupfasoni Clinton kuba yatahukanye intsinzi yo guserukira umugambwe w'aba democrate gushika ku musi wa gatatu.

Trump aracafise urugendo rurerure, ariko intsinzi yo muri izo ntara zitanu iza gutuma yegereza abaserukira abandi 1,237, cotuma bigorana kumubuza kwitoza kw'izina ry'umugambwe w'aba republicains.