Nkurunziza yatanze indwi abishe Gen Kararuza bafatwe

Brigadier General Athanase Kararuza Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Gen Kararuza yagandaguwe ajanye umwana kw'ishure

Prezida Pierre Nkurunziza w'u Burundi yahaye inzego zijejwe umutekano indwi imwe gusa kugira babe bafashe abagandaguye umusirikare w'umu general bakoresheje inkoho ku musi wa mbere.

Bwana Nkurunziza yavuze ko urupfu rwa Gen Athanase Kararuza n'umupfasoni wiwe ari "ibiterasoni".

Umukobwa wiwe yarakomerekeye muri ico gitero cabereye imbere y'ishure rya St Esprit riri mu gisagara ca Bujumbura.

Gen Kararuza abaye umusirikare mukuru agira gatanu yishwe kuva itariki 22 z'ukwezi kwa gatatu 2016.

"Yaragwanije yivuye inyuma abashatse gutembagaza ubutegetsi mu mwaka uheze kandi mu buryo budasanzwe yarafashije gukomeza amahoro n'umutekano mu gihe c'amatora n'inyuma yayo," uko ni ko Prezida Pierre Nkurunziza yavuze mw'ijambo yashikirije ejo ku mugoroba.

Umwe mubacungera ubuzima bwa Gen Kararuza nawe nyene yiciwe muri ico gitero.

Ibindi bisa n’ibi