Al-Shabab yateye inigaruria ikambi muri Somalia

Abarwanyi ba Al Shabaab Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Al Shabaab yigaruriye ikambi y'igisirikare ca Somalia

Abagwanyi ba Al-Shabab bateye ikambi ya gisirikare ya Somalia baranayigarurira akanya gato kare mu gitondo mu bumanuko bushira uburengero bw'ico gihugu.

Abo bagwanyi bateye ikambi ya gisirikare y'igihugu ca Somalia(SNA) mu karere ka Daynuunay, mu ntara ya Baidoa I Bay.

Urukurikirane rw'amamodoka y'abasirikare ba Somalia ruva mu gisagara ca Baidoa, bariko baragenda gufasha bagenzi babo, nabo batewe.

Inkuru zivuga ko hari abapfuye n'abakomeretse ku mpande zose.

Umukozi umwe wa reta muri ako karere yabwiye BBC ko abantu barenga cumi bitavye Imana.

Umumenyeshamakuru umwe wo muri ako karere yabwiye BBC ko abasirikare 20 biciwe muri ico gitero.

Ingabo z'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika (Amisom) zibicishije ku rubuga rwabo rwa twitter zamenyesheje ko ico gitero cabaye ariko barahakana ko iyo kambi yigaruriwe n'abagwanyi ba Al-Shabab.

Iyo kambi iri ku birometero 30 uvuye mu gisagara ca Baidoa.

Al-Shabab barongereje ibitero ku basirikare ba Amisom na Somalia kuva hagati mu mwaka uheze.

Mu ntango z'uyu mwaka, barateye ikambi y'abasirikare ba Kenya bari muri Amisom.

Al-Shabab bavuga ko bishe abasirikare barenga 200 muri ico gitero cabereye mu karere ka EL-ade mu ntara ya Gedo, itariki 15 z'ukwezi kwa mbere muri uyu mwaka.

Ibindi bisa n’ibi