Umupfasoni wa Prezida Kibaki yitavye Imana

Lucy Kibaki Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Lucy Kibaki

Lucy Kibaki, umupfasoni w'uwahoze ari umukuru w'igihugu ca Kenya, Mwai Kibaki, yitavye Imana ari mu bitaro vyo mu Bwongereza azize ingwara itaramenyekana.

Yamenyekanye cane igihe yakubita ikofe umumenyeshamakuru afata amasanamu mu 2005, aho yaja mu biro vy'ikinyamakuru cigenga, ababajwe n'inkuru banditse kuri we.

Mw'ijambo yashikirije ku rupfu rw'umupfasoni Kibaki, prezida wa Kenya Uhuru Kenyatta yamushimagije ku ruhara yagize mu kurwanya umugera wa Sida muri ico gihugu.

Prezida Kenyatta yasubiriye mu mabanga umugabo wiwe Mwai Kibaki, yatwaye kuva mu 2002 gushika mu 2013.

Umupfasoni Kibaki yavutse mu 1940, ntiyagaragaye cane mu kiringo ca nyuma c'ubutegetsi bw'umugabo wiwe.

Yabonetse ubwa nyuma ku mugaragaro mu kwezi 8 umwaka 2010, aho vyaboneka ko anezerejwe cane n'iyemezwa ry'ibwirizwa shingiro rishasha, avyina indirimbo y'Imana izwi cane, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru candikirwa muri Kenya ca Daily Nation.

Prezida Kenyatta yavuze ko kuva mu kwezi guheze atari ameze neza, aho yaronka imiti iva mu gihugu ca Kenya n'Ubwongereza.

Umupfasoni Kibaki yari umwigisha, akaba yahevye akazi inyuma gato y'ukwubaka urwiwe, kugira yite ku ndero y'abana babo 4.

"Uyu nyenicubahiro azoza aribukwa ku ntererano yiwe mu guteza imbere iki gihugu," uko ni ko prezida Kenyatta yavuze mw'ijambo yashikirije.

Nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru ca Daily Nation, umupfasoni Kibaki yarateguye ihiganwa rya mbere ryo gusiganwa mu ntumbero yo kurwanya umugera wa Sida mu 2003.

Ariko abamenyeshamakuru bavuga ko yatumye haba abamunebagura igihe yavuga ko abakiri bato badafise abagore badakwiye gukoresha agafuko, ahamagarira abanyeshure kwifata ntibakore imibonano mpuzabitsina kugira bikingire umugera wa Sida.

Ibindi bisa n’ibi